Zimbabwe: Mugabe aronderera amajwi mu rwaruka

Robert Mugabe w'imyaka 93, aronderera amajwi mu rwaruka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Robert Mugabe w'imyaka 93, aronderera amajwi mu rwaruka

Prezida Robert Mugabe, 93, w'igihugu ca Zimbabwe yatanguye imyiyamamazo mu gihugu arondera gushigikigwa n'urwaruka mu matora yimirije mu mwaka uza.

Abantu isinzi bari bakoraniye ku kibuga ca Marondera, agasagara gato ko mu buseruko bw'umugwa mukuru Harare, niko ikinyamakuru c'igihugu Herald camenyesheje.

Kivuga ko uwo mukuru w'igihugu ategekanya imyiyamamazo nka mweniyo icenda muri uno mwaka.

Bwana Mugabe ari ku butegetsi kuva mu 1980 akaba yipfuza kwitoza kandi mu 2018.

Igihugu kigwiriyemwo abanyagihugu bakiri bato aho 70% bigizwe n'abafise imyaka iri munsi ya 35, nkuko rusansuma ruherutse rwavyerekanye.

Haraheze igihe abanyagihugu bafise amakenga ku bijanye n'amagara y'umukuru w'igihugu.

Yarabonekanye asinziriye mu nama nyinshi ariko umuvugizi wiwe yasiguye ko yaba ariko araruhurira amaso.