Ubutegetsi bwa Myanmar bwatanze amahera yo kugwanya imbeba

Imbeba zamaze ibifungugwa mu bigega vya Myanmar Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Imbeba zamaze ibifungugwa mu bigega vya Myanmar

Ubutegetsi bwa Myanmar bwatanze amasenti ane ku mbeba yishwe, inyuma yaho ibihumbi vy'imbeba bitereye ibigwati vyinshi vyo mu bumanuko bushira uburengero bwa Myanmar.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Ayeyarwady bamaze iminsi cumi bagwanya imbeba ngo ntizibatere ingwara.

Ubutegetsi bw'akarere busigura ko imvura nyinshi imaze igihe igwa, ariyo yatumye imbeba zigwirirana zirya ibifungugwa vyari mu bigega mu bigwati bitandukanye.

Myanmar ngo irahohotera inkehwa z'aba Islamu