Ubuyabu 200 bwishwe buhawe isumu mu Bufaransa

Ubuyabu 200 bwahawe isumu mu bumanuko bushira uburengero bwa Montpellier
Image caption Ubuyabu 200 bwahawe isumu mu bumanuko bushira uburengero bwa Montpellier

Ikibanza co kuruhukiramwo kiri hafi y'ikiyaga mu bumanuko bw'Ubufaransa kirageramiwe inyuma yaho ubuyabu 200, ubwo mu nzu hamwe n'ubunyeshamba, buherewe isumu bukicwa mu kwezi kumwe.

Ubwo buyabu bwishwe ikivunga ahitwa Saint Pierre la Mer, ku birometero 90 mu bumanuko bushira uburengero bwa Montpellier.

Ikigo gikingira ibikoko "Société de Protection des Animaux" cararengewe n'ubwamo bwa telefone, niko ikinyamakuru La Depeche cavuze.

Ibikoko biri mu bwoko buguguna nk'imbeba hamwe n'inyoni navyo nyene vyarishwe n'iyo sumu, bikavugwa ko ishobora kuba yaratandukiye n'abana.

Ishirahamwe ry'ubuyabu butunzwe "Association of Stray Cats" niryo ryaburiye igipolisi ryipfuza ko utwo tuyabu twopimwa hakamenyekana icatwishe.

"Abantu barikekana, nta numwe acizera uwundi," niko umugore aba mu kigwati, Geneviève, yabwiye ikinyamakuru Ouest-France.

"Twese dufise ubwoba, ntihobura umwana usanga yariye iyo sumu."