Umukinyi wa Schalke Kolasinac yinjiye muri Arsenal

Kolasinac agiye gusinya amasezerano y'imyaka itanu mu ba Gunners Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Kolasinac agiye gusinya amasezerano y'imyaka itanu mu ba Gunners

Arsenal yamenyesheje ko umukinyi w'inyuma mu bubamfu Sead Kolasinac agiye kwinjira muri uwo mugwi muri rino ci, avuye mu mugwi Schalke wo mu Budagi.

Uwo mukinyi w'imyaka 23 aturuka muri Bosnie-Herzégovine, agiye mu mugwi wa Arsenal ataco urinze kuriha, akaba azokwitwa umukinyi bwite wawo itariki 1 y'ikwezi kw'indwi igihe cemewe co guhererekana abakinyi.

"Ibikenewe vyose ni vyaramuka birangijwe, uwo mukinyi w'inyuma azotangura imyimenyerezo mu kwezi kw'indwi," niko itangazo rya Arsenal rivuga.

Umugwi yahoramwo Schalke wemeje ko yasinye amasezerano azomugeza mu 2022.

Ihiganwa Bundesliga ryanditse rivuga riti: "Tukwipfurije kuroranigwa muri kazoza kandi turagushimiye ku myaka itandatu tumaranye."

Kolasinac yavuze ko akunda kandi azi Arsenal akiri muto.

"Arsenal izwi neza, natanguye kuyikurikirana nkiri umwana, igihe ca Jens Lehmann na Thierry Henry," niko yavugiye ku rubuga rw'uwo mugwi.

"Arsenal yamye izwi neza i Buraya, ndaryohewe kuba ndayigiyemwo.