Aisha Buhari: Prezida Buhari ariko "aroroheregwa"

Prezida Buhari yavuze ko yongerejwe amaraso Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Buhari yavuze ko yongerejwe amaraso

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Nigeria Aisha Buhari, yavuze ko Prezida Muhammadu Buhari "anyaruka gutora mitende" ku bijanye n'ingwara imukitse amagara.

Yashikirije ayo majambo inyuma y'urugendo aherukamwo mu gisagara ca Londres, aho umugabo ariko aravugwa ingwara itashizwe ahabona.

Bwana Buhari, afise imyaka 74, amaze ukwezi agiye i Londres - urugendo rwa kabiri rumujanye mu Bwongereza kwivuza uno mwaka.

Icegera c'umukuru w'igihugu, Yemi Osinbajo niwe arongoye vy'agateganyo igihugu, akaba ashimigwa ku kungene avyifatamwo na cane muri kino gihe hari ikibazo c'ubutunzi gitewe n'ikoroka ry'igiciro c'ibitoro.

Umutambukanyi wa Prezida Buhari yavuze ko umugabo wiwe ashimiye abanya Nigeria " ku bisabisho vyabo vya minsi yose, ko bazoba bari kumwe vuba mu gihe atora mitende n'ingoga".

Yagarutse muri Nigeria amaze indwi imwe ari kumwe n'umugabo i Londres.