Tiote: Abanyafrika bagwa ku kibuga baguma biyongera

Umukinyi wa Cameroun Marc-Vivien Foe yapfuye aguye igihumura ku kibuga mu 2003 mu Bufaransa
Image caption Umukinyi wa Cameroun Marc-Vivien Foe yapfuye aguye igihumura ku kibuga mu 2003 mu Bufaransa

Urupfu rwashitse giturumbuka, ku munsi wa mbere, rw'umukinyi wo hagati Cheik Tiote aturuka mu gihugu ca Côte d'Ivoire, rwongereje igitigiri c'abakinyi b'abanyafrika bapfuye bari mu rukino rw'umupira w'amaguru, benshi biturutse kw'ihagarara ry'umutima.

Nta mvo yo ku mugaragaro iratangwa ivuga icatumye umukinyi wa kera wa Newcastle United apfa, igihe yariko arimenyereza mu mugwi Beijing Enterprises mu Bushinwa.

Bivugwa ariko ko yapfuye nkuko n'abandi benshi basezeye isi.

Umukinyi wo muri Nigeria, Samuel Okwaraji niwe wa mbere yapfiriye ku kibuga muri Afrika.

Yaguye igihumura arapfa akinira umugwi Super Eagles uhura na Angola i Lagos, mu nkino z'ijonjora z'igikombe c'isi yose mu 1989.

Uwundi yapfiriye ku kibuga n'umunya Cameroun Marc-Vivien Foe, yaguye ku kibuga ca Lyon mu Bufaransa mu 2003, aguye mu muzingi uri hagati mu kibuga hasigaye iminota 15 ngo urukino rwabahuza na Colombie ruhere.