Igipolisi c'Ubufaransa carashe inkoziyikibi yahanganye n'abapolisi n'inyundo

Abapolisi bakwiye akarere kari iruhande ya "cathédrale" Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi bakwiye akarere kari iruhande ya "cathédrale"

Igipolisi c'Ubufaransa carashe inkoziyikibi yahanganye n'abapolisi ifise inyundo hanze y'isrengero "Notre Dame" mu gisagara ca Paris.

Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru vyavuze ko ivyashitse bifatwa nk'igitero c'iterabwoba.

Abo bapolisi batewe bari mu mirimo hanze y'ibiro bikuru vy'igipolisi vy'i Paris, hafi y'isengero "cathédrale".

Itangazamakuru ry'Ubufaransa ryavuze ko uwo mugabo yateye abapolisi yakomeretse mu gikiriza, ababonye ivyabaye bakavuga ko yari aryamye hasi akikujwe n'abapolisi imbere yuko ajanwa mu bitaro.

Ikibanza vyabereyemwo caciye cugagwa ku bakerarugendo.

Iruhande yaho abantu bashika 1000 bari mw'isengero barindiriye uruhusha rwo gusohoka.