Abantu bitwaje inkoho barashe mu nama nshingamateka ya Iran no ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini

Intatemwa ya Ayatollah Ruhollah Khomeini mu bumanuko bwa Tehran (2009) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intatemwa ya Ayatollah Khomeini mu bumanuko bwa Tehran

Abantu bitwaje inkoho barashe mu nama nshingamateka ya Iran no ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini mumugwa mukuru Tehran.

Umuntu umwe yitwaje inkoho yarashe mu nama nshingamateka akomeretsa uwujejwe umutekano umwe.

Uwabibonye yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko vyari vyaheze.

Abajejwe umutekano ni bo bari buzuye hagati n'inyuma y'inyubakwa y'inama nshigamateka.

Uwahoze ari prezida wa Iran Rafsanjani yapfuye

Ubwato bwa Amerika bwagize ingorane mu mazi ya Iran

Abanye Iran ntibazoja i Mecque uyu mwaka

Itororokanirizo ry'amakuru rya Iran, IRIB, ryasubiyemwo umushingamateka umwe yavuze ko hariho abariko bararasa benshi mu nama nshingamateka bari bafise inkoho zo mu bwoko bwa AK-47.

Iryo tororokanirizo ry'amakuru rivuga ko abajejwe umutekano babiri bakomeretse.

Inkuru zivuga ko ukurasana ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini kwabereye igihe kimwe.