Uwahimirije umugenzi wiwe kwiyahura kugira agirirwe imbabazi ari imbere y'ubutungane muri Amerika

Michelle Carter Uwufise ububasha kw’isanamu WCVB
Image caption Umwigeme Carter ubu afise imyaka 20

Umwigeme umwe w'imyaka 20 wo muri Amerika, umugenzi wiwe yiyahuye haraheze imyaka itatu, bivugwa ko ari we yamuhanuye kwiyica, yarengukijwe imbere y'ubutungane.

Michelle Carter yagirijwe icaha co kwica n'uruhara yagize mu kwiyahura kwa Conrad Roy III.

Abacamanza bavuga ko Carter ari we yatumye uwo musore w'imyaka 18 yiyahura kugira agirirwe imbabazi.

"Birakenewe ko ubigenza gutyo," ni ko Carter yamwandikiye mu gitondo co ku wa 12 ukwezi kw'indwi.

"Harageze kandi wariteguye, ico ukeneye gusa gukora ni kwatsa imoteri kandi uzoca wigenga unaryoherwe cane," Carter ni ko yanditse.

Uwufise ububasha kw’isanamu WCVB
Image caption Umusore Roy

Basanze Roy yapfuye azize ubumara yanyoye bwa Carbon Monoxide bw'imodoka yiwe i Fairhaven, Masschusetts, itariki 13 ukwezi kw'indwi mu 2014.

Inyuma y'urupfu rwiwe, umwigeme Carter yaregeranije amahera y'imfashanyo yo kwigisha ivyerekeye ingwara zo mu mutwe.

Nyina wa Roy yabwiye sentare ku musi wa kabiri ko yibajije ko umwana wiwe yari afise ibibazo vyinshi.

Igihe yitaba Imana Roy yagiye mu kibanza kimwe co kunezereregwamwo, ari kumwe na nyina wiwe hamwee na bashiki biwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook
Image caption Umwigeme Carter (i bubamfu) na Roy

Aho yaguriye bashiki biwe ayisikrimu (Icecream), baraganira no ku bintu vyinshi harimwo imfashanyo yo kumurihira amashure yari aherutse kuronka hamwe n'iyindi migambi ya kazoza.

Uwuburanira umwigeme Carter yabwiye sentare ko uwo mwigeme yari amaze kubuza uwo mugenzi wiwe kwiyahura incuro nyinshi.

mu misi iheze, impapuro nyinshi zarerekanye ko Roy yari yaragerageje kwiyahura incuro nyinshi.