Ukwambikana impeta bigabanya ingwara z'umutima

i Buraya
Image caption Ukwambikana impeta

Ubushakashatsi bwo mu Bwongereza bwerekana ko ukwubakana gutuma utagira ingwara y'umutima.

Ubushakashatsi bwakoze mu myaka irenga 13 ku bantu barenga ibihumbi amajana atandatu, bafise ubwoko bw'ingwara y'umutima butatu, bwerekanye ko abubakanye arusha abandi ku bice 16 kubaho gusumba abatubatse.

Abafise ingwara y'igisukari hamwe niyo umurindi w'amaraso, bari bameze neza.

Abahinga bemera ko, n'aho badashobora kuvyemeza neza, ko abubakanye mu munezero basobora kubaho neza gusumba.