Indege ya gisirikare ya Burma itwaye abantu 100 yabuze irengero

Ikarata yerekana igihugu ca Burma
Image caption Ikarata yerekana igihugu ca Burma

Indege ya gisirikare y'igihugu ca Burma bivugwa ko yari itwaye abantu 100 ntawuzi irengero ryayo, nkuko ubutegetsi buvuga.

Igisirikare kivuga ko iyo ndege yagurukira hagati y'igisagara ca Myeik kiri mu bumanuko na Yangon (Rangoon).

Ibikogwa vyo kuyirondera no gutabara birabandanya.

"Itumanko ryacitse giturumbuka 1:35 [07:05 GMT] igihe yari ishitse ku birometero 32 mu burengero bw'igisagara ca Dawei," niko itangazo ry'igisirikare rivuga.

Yarimwo abantu 105 n'abandi 11 bakora mu ndege, nkuko amakuru ava ku kibuga c'indege yashikiriye itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga.

Igisirikare nticavuze igitigiri c' abantu iyo ndege yunguruza abantu n'ibintu yakorewe mu Bushinwa yaritwaye.

Indege za gisirikare na kajugujugu zarungitswe muri ako karere.

Iyo ndage yaca hejuru y'ibahari Andaman igihe yabura irengero, niko itangazo rivuga.