Abantu 12 bapfuye mu bitero bibiri bitandukanye muri Irani

Abapolisi ba Irani bagerageza gukingira ingoro y'inama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu TASNIM NEWS AGENCY/REUTERS
Image caption Abapolisi ba Irani bagerageza gukingira ingoro y'inama nshingamateka

Ibitero bibiri vyibasiye ingoro y'inama nshingamateka hamwe n'intatemwa ya Ayatollah Khomeini vyahitanye abantu 12 ku mugwa mukuru Teherani, bikomeretsa n'abandi benshi.

Igitero co ku ngoro y'umugambwe carangiye haheze amasaha humvikana urwamo rw'amasasu.

Ku ntatemwa ya Ayatollah Khomeini, umwihevyi yahaturikirije ibisasu.

Ubutegetsi bwa Irani bwaburagije igitero ca gatatu.

Umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS) wemanze ivyo bitero, vyabaye ivya mbere muri Irani.

Abantu bafise inkoho zo mu bwoko bwa Kalashnikov, binjiye mu ngoro y'inama nshingamateka ku wa gatatu mu gitondo, munyuma urwamo rw'amasasu menshi rutangura kwumvikana.

Ubutegetsi bwa Irani bwahakanye ko hari abantu bagizwe imbohe mu ngoro y'inama nshingamateka.

Amakuru avuga ko abateye binjiriye mu muryango w'abantu basanzwe, biyambitse nk'abakobwa.

Itangazamakuru rya Irani ryamenyesheje munyuma ko abantu bane mu bateye mu nama nshingamateka bishwe n'abajejwe umutekano.

Nka 10:40 (06:10 GMT) abateye ku ntatemwa iri mu bumanuko bwa Teherani, niho bugurura umuriro.

Bulamatari wa Teherani yavuze ko umwe mu bateye yaturikije ikoti yambaye ritwaye ibiturika, uwundi yicwa n'inteko z'umutekano, niko ikigo c'itangazamakuru ca leta cavuze.