Abagabo bafise ubuhanza barageramiwe muri Mozambique

Abantu bamwe bamwe bemeza ko abantu bafise ubuhanza bafise inzahabu mu mitwe yabo. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu bamwe bamwe bemeza ko abantu bafise ubuhanza bafise inzahabu mu mitwe yabo.

Mu gihugu ca Mozambique igipolisi kiragabisha abagabo bafise ubuhanza ko bashobora kugirwako ibitero bifatiye ku kwemera ivya kera, inyuma y'aho abagabo babiri biciwe mu kwezi guheze.

Abo bagabo babiri bafise ubuhanza, umwe basanze bamuciye umutwe hamwe n'ibindi bihimba vy'umubiri batabonye irengero yavyo, biciwe mu ntara ya Zambezia.

"Mu kwezi guheze, iyicwa ry'abagabo babiri bafise ubuhanza ryatumye hafatwa abantu babiri," ni ko umuvugizi w'igipolisi Inacio Dina yavuze mu nama n'abamenyeshamakuru mu gisagara ca Maputo.

Umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Maputo avuga ko hari abantu bemera ivyakera ko abantu bafise ubuhanza bafise inzahabu mu mitwe yabo.

Nta yicwa ry'abantu bafise ubuhanza ryahora rivugwa mu misi yahera.

Abagirizwa ubwo bwicanyi ni abasore bo muri Mozambique, bakaba babwiye igipolisi ko ivyo bihimba vy'umubiri vyokoreshejwe mu burozi mu gihugu ca Tanzania na Malawi.