Uwahoze arongoye FBI muri Amerika James Comey avuga ko Trump yamusavye kumuyoboka

USA
Image caption Prezida Trump na James Comey

Akanama ka sena kajejwe ibibazo vy'umutekano muri Amerika kanditse icegeranyo c'ivyagiriji vyashikirijwe n'uwahoze arongoye FBI, aho avuga ko prezida Trump yamusavye kureka kugira amatohoza kuwahoze ari umuhanuzi ku bibazo vy'umuteka.

James Comey yarashikirije ivyagiriji vy'ikiganiro bagiranye na prezida Trump incuro zitanu zose, aho yaguma amusaba kumwubaha, ariko Comey avuga ko yagumye akora akazi kiwe ata ho yegamiye.

Comey ashobora gusohora vuba amabanga ahungabanya Washington

Umukuru wa FBI, James Comey yakuwe mu mabanga na Trump

Comey yemeye gutanga ubuhamya mu ruhame

Uwuburanira Trump avuga ko yibaza ko hariho ukuri n'ivyemezo ko wewe ubwiwe atigeze agirwako amatohoza n'abo bakorana kuvyo bagirizwa vyo gukorana n'Uburusiya.

Abategetsi babiri baraba ivyo umutekano, Mike Rogers na Dan Coasts babwiye abakenguzamateka ko batigeze bategekwa gukora ikintu na kimwe kidakurikije amategeko.