Amatora mu Bwongereza: Abantu batanguye kuja gutora

Ikibanza kiberamwo amatora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikibanza kiberamwo amatora

Abantu imiliyoni n'imiliyoni baraza kuja mu matora mu gihugu c'Ubwongereza.

Amatora yatanguye isaha imwe yo mu gitondo mu Bwongereza, mu gihe ibibanza vy'amatora 40.000 ari vyo biza kuberamwo amatora mu gihugu cose.

Abashingamateka 650 ni bo baza gutorwa n'abanyagihugu imiliyoni 46.9.

Abantu barongerekanye cane, kuko mu 2015, abari biyandikishije mu matora bagera ku 46.4

Ubwongereza butegekanya gukoresha amatora vuba

EU ntaco ihindura naho Ubwongereza bwahamagaje amatora

Bamwe baramaze gutora bacishije mu dusandugu tw'amakete aho mu 2015, bashikanye ibice 16.4 kw'ijana.

Vyitezwe ko ivyavuye mu matora biza kumenyekan mw'ijoro nk'isaha umunani, mu gihe ibiharuro vya nyuma vy'ivyavuye mu matira vyitezwe kumenyekana ku musi wa gatanu ku murango