Indege ya Myanmar yabuze irengero yaguye mu kiyaga ca Andaman

Ifoto y'indege ya gisirikare ya Myanmar Air Force Y-8 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ifoto y'indege ya gisirikare ya Myanmar Air Force Y-8

Igisirikare ca Myanmar kivuga ko ibimanyu n'ibiziga vy'abantu vyatowe inyuma yaho indege ya gisirikare itwaye abantu 122 iburiye irengero.

Ibimanyu vyasanzaye vyatowe mu kiyaga ca Andaman, niko itangazo ry'igisirikare rivuga ku rubuga rwaco rwa Facebook.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa Y-8 yakorewe mu Bushinwa, yari ifise abakozi bo mu ndege 14. Benshi mu bantu bari muriyo n'abakora mu gisirikare n'imiryango yabo, irimwo abana.

Iyo ndege yari ivuye Myeik ija Yangon, ibimanyu vyayo bikaba vyatowe mu kiyaga iruhande y'igisagara ca Dawei.

Itumanako ry'iyo ndege ryahagaze ku munsi wa gatatu, haheze iminota 30 ifashe urwo rugendo imenyereye.

Nkuko amakuru ya gisirikare avuga, imigwi y'abarondera irengero ryayo batoye ibiziga 10 kuri uno wa kane, harimwo n'ic'umwana, amajaketi yo kwifashisha igihe indege igize isanganya hamwe n'imizigo.

Igihimba kinini c'iyo ndege ntikiraboneka.

Mu gihe abantu bari muri iyo ndege boba bose bapfuye muri iryo sanganya, bwoba bubaye ubwa mbere mu mateka y'igisata c'indege ca Myanmar hapfa abantu bangana uko, niko umumenyeshamakuru wa BBC i Myanmar Jonah Fisher yavuze.