Al-shabab ngo yoba yishe abasirikare 61 i Puntland

Al-Shabab yaromowe muri ino myaka iheze ariko iracafise uduce igenzura Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabab yaromowe muri ino myaka iheze ariko iracafise uduce igenzura

Abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, al-Shabab, ngo boba bishe abasirikare 61 mu gitero co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Somalia, niko umumenyeshamakuru wa BBC Mohammud Ali yavuze.

Ubutegetsi bwa Puntland bwemeje ivy'ico gitero, ariko ntibwemera igitigiri c'abantu bishwe.

Ico gitero cakozwe uno munsi mu mutwenzi hafi y'imisozi ya Galgala, higeze kuba ikirindiro c'abagwanyi ba al-Shabab muri iyo ntara isa niyikukiye ya Puntland.

Ubutegetsi ntiburatanga igitigiri c'abantu bishwe, ariko umushikiranganji ajejwe umutekano muri Puntland Abdiaziz Hirsi, yemeje ivy'ico gitero ariko ahakana igitigiri cashikirijwe na al-Shabab.

Yavuze ko ubutegetsi bugitohoza, ko busohora itangazo hanyuma.

Mohammud yongeye avuga ko Puntland yagabwemwo ibitero vyinshi vya al-Shabab muri kahise, ariko ngo igitero c'uno munsi nico kibi kurusha ibindi vyose vyo muri ino myaka ya vuba.