Ubwongereza mu rukino rwa nyuma "finale" ya U-20

Umukunyi mushasha wa Liverpool Dominic Solanke (hagati) n'uwa Everton Ademola Lookman (i buryo) bari mu binjirije Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukunyi mushasha wa Liverpool Dominic Solanke (hagati) n'uwa Everton Ademola Lookman (i buryo) bari mu binjirije Ubwongereza

Igihugu c'Ubwongereza kigiye gukina urukino rwa nyuma "finale" mw'ihiganwa rya ry'abafise imyaka iri munsi ya 20 "Under-20" (U-20) ubwa mbere mu gutsinda Ubutaliyano bivuye kure.

Umugwi wa Paul Simpson wararushije uw'Ubutaliyano mu gice ca kabiri, umusatirizi mushasha wa Liverpool Dominic Solanke yinjiza ibitsindo bibiri.

Umukinyi wa Everton Ademola Lookman yinjije igitsindo ca kabiri ku munota wa 77.

Ubwongereza buzohura na Venezuela, yatsinze Uruguay, mu rukino rwa nyuma rwo ku munsi wa Mungu muri Korea Yepfo.

Ubutaliyano ni bwo bwari bwatanguye kwinjiza mu minota ibiri ya mbere, igitsindo cinjijwe n'umukinyi w'imbere ku ruhande wa Juventus, Riccardo Orsolini.