Amatora mu Bwongereza: Aba "conservateurs" babuze amajwi akwiye

Uko intebe zari zigabanganywe, 643 zimaze gutsindigwa
Image caption Uko intebe zari zigabanganywe, 643 zimaze gutsindigwa

Umugambwe w'aba "conservateurs" usanzwe ufise abanywanyi benshi wabuze amajwi akwiye yo gushobora kugenzura inama nshingamateka.

Mu gihe hagisigaye intebe ziri ku rushi, amatora yo ku munsi wa kane yerekanye ko umugambwe w'aba "Travaillistes" ariwo wungutse intebe.

Mu gihe hari intebe 650, umugambwe ugenzura ibikogwa vy'inama nshingamateka utegerezwa kugira niburiburi intebe 326.

Mu gihe umugambwe w'umushikiranganji wa mbere Theresa May udashobora gushikana ico gitigiri, imigambi y'uwo mukenyezi ishobora kugora gutunganya, na cane cane ikibazo gihanze igihugu co kuva mu muryango w'ubumwe bwa Buraya, gikenera gucishwa mu nama nshingamateka.

Abazi utuntu n'utundi, basanga imigambwe ishobora kuja hamwe ariko ivyo uwurongoye umugambwe w'aba "Travaillistes" akaba yavyanse.

Jeremy Corbyn yaciye asaba Theresa May gutanga imihoho ariko we avuga ko umugambwe wiwe uzobungabunga inzego.

Umupfasoni May ngo ntategekanya gutanga imihoho, nkuko Laura Kuensberg ajejwe ibibazo vya politike muri BBC avuga.

Ku munsi wa gatanu mu gitondo, umushikiranganji wa mbere yavuze ati: "Muri kino gihe ikintu gikuru kurusha ibindi nuko inzego z'igihugu zibungabungwa."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intebe umugambwe w'aba "Conservateurs" wa Theresa May warufise zagabanutse

Theresa May ategekanya kuja ku kirimba c'umwamikazi, ngo asabe uruhusha rwo gutunganya leta naho umugambwe wiwe wabuze amajwi akenewe.