Aba "conservateurs" bazokorana na DUP inyuma y'ukudakwiza intebe

Umushikiranganji wa mbere Theresa May yari kumwe n'umugabo wiwe igihe yashikiriza ijambo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere Theresa May yari kumwe n'umugabo wiwe igihe yashikiriza ijambo

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May yavuze ko agiye gushinga leta, umugambwe arongoye ukaba wiyunze n'umugambwe DUP baharanira bimwe.

Umushikiranganji wa mbere May arongoye umugambwe "Conservative and Unionist Party" yavuze ko bagiye gukorana na "Democratic Unionist Party" (DUP) asigura ko ariwo ushobora kwizeza kazoza.

Mw'ijambo yashikirije avuye ku kirimba c'umwamikazi, Buckingham Palace, yasiguye ko umugambwe wiwe urekuriwe n'amategeko kurongora igihugu mu gihe waronse intebe nyinshi hamwe n'amajwi menshi.

Yavuze ko agiye kwifatanya n'"abagenzi hamwe n'abo basangiye ivyiyumviro" muri DUP kubandanya umugambi wa Brexit, agira ati: "Reka tuje ku kivi".

Aba "Tories" babuze intebe umunani ku 326 zikenewe ngo umugambwe wivugire mu nama nshingamateka.

Theresa May ntiyavuze ico umugambwe DUP uzohabwa ariko asigura ko ubucuti bw'imigambwe yabo atari ubwa vuba.

"Imigambwe yacu ukwo ari ibiri ifitaniye imigenderanire ikomeye kandi ku myaka myinshi," niko yavuze.

"Kandi bino bituma nemera ko tuzokorana ku nyungu z'Ubwongereza."