Inyeshamba zishe abanyagihugu muri Sudani y'Ubumanuko

Abantu batondeye ibifungugwa muri Sudani y'Ubumanuko Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu batondeye ibifungugwa muri Sudani y'Ubumanuko

Umugwi ukomeye w'inyeshamba wo muri Sudani y'Ubumanuko wagavye igitero co guhwikira kw'ibarabara riva ku mugwa mukuru Juba rija ku rubibe rwa Nimule, wica abantu 40 ku munsi wa kane.

Izo nyeshamba zivuga ko zahiga imiduga itwaye abasirikare ariko umuvugizi w'igipolisi akaba yabwiye BBC ko ari abasivile bane hamwe n'abasirikare cumi bapfuye.

Mu mwaka uheze, haragabwe ibitero nka mwenivyo ku miduga ica kuri iryo barabara.

Iryo barabara ni ngirakamaro ku butunzi bw'igihugu ca Sudani y'Ubumanuko mu gihe rikoreshwa mu kwinjiza ibidandazwa n'ibindi bikoresho muri ico gihugu kidafise umuhora kw'ibahari.