Merkel asaba Ubwongereza kwubahiriza ikirangaminsi c'ibiganiro vya Brexit

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel yasavye Ubwongereza kwubahiriza ikirangaminsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel yasavye Ubwongereza kwubahiriza ikirangaminsi

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel yavuze ko UE yiteguye gutangura ibiganiro vya Brexit, ngo nta ntambamyi abona zobuza ko bitangura ku gihe vyategekanirijweko.

Umupfasoni Merkel yemeza ko Ubwongereza buzokwubahiriza ikirangaminsi asigura ko umuryango w'Ubumwe bwa Buraya (UE) wo witeguye.

Avuga ko yizeye ko Ubwongereza buzoguma bukorana neza n'uwo muryango muri ivyo biganiro bitegekanijwe gutangura itariki 19 z'ukwezi kwa gatandatu.

N'ijambo rya mbere ashikirije inyuma yaho umugambwe w'aba "Conservateurs" wa May utakarije intebe 13.

Theresa May yavuze ko agiye gushinga leta ari kumwe n'umugambwe "Democratic Unionist Party" wo muri Irlande waronse intebe 10.