RD Congo: Abandi banyororo batorotse

Mu kwezi guheze abantu 3000 baratorotse bavuye mw'ibohero rikuru rya Kinshasa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu kwezi guheze abantu 3000 baratorotse bavuye mw'ibohero rikuru rya Kinshasa

Abantu bafise inkoho bateye ibiro vy'umushikirizamanza n'ibiro vy'igipolisi batuma abantu bari bapfunzwe batoroka ku mugwa mukuru wa Kinshasa.

Hari amakuru atandukanye ku kungene abo bantu bahunze.

Radiyo Okapi ifashwe mu mugongo na Onu, yavuze ko abantu 17 bari bapfunzwe aribo bahunze, benshi bavuye mw'ibohero ry'igipolisi.

Amakuru ava ahandi atanga ibitigiri biri hasi.

Ku rubuga rwa Congo rutanga amakuru, Politico, havugwa ko abateye ari abagwanyi bo mu mugwi Bunda dia Kongo, umugwi ushingiye ku Mana ariko ufise intumbero ya politike.

Leta yidogera uwo mugwi ku gitero cabaye kw'ibohero rikuru ry'i Kinshasa mu kwezi guheze, aho abanyororo baharugwa mu bihumbi batorotse.