Prezida Mugabe yirukanye umushikirizamanza mukuru Johannes Tomana

Umushikirizamanza Johannes Tomana agiye mu minsi iza kwiregura imbere ya sentare Uwufise ububasha kw’isanamu JEKESAI NJIKIZANA
Image caption Umushikirizamanza Johannes Tomana agiye mu minsi iza kwiregura imbere ya sentare

Prezida w'igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yahagaritse mu mabanga umushikirizamanza mukuru, Johannes Tomana, inyuma yaho sentare isanze yigenza nabi kandi adakora neza.

Itangazamakuru ryo mu gihugu rivuga ko agiye gukurikiranwa ku makosa ajanye no gukoresha nabi ububasha yarafise.

Bwana Tomana yari yahagaritswe vy'agateganyo mu kwezi kwa kabiri 2016.

Akuwe inyuma yaho ahanaguriye ivyaha vyari ku basirikare babiri, bagirizwa gusambura ihinguriro ry'amata ry'umutambukanyi wa Mugabe.

Yagirijwe kuba yarabujije ubutungane gukora, ivyo navyo akaba yabihakanye.

Mu 2015, Bwana Tomana yagirijwe gukoresha nabi ububasha afise, mu kwanka gukurikirana umunyamategeko yagirizwa gusambanya ku nguvu umwana amuteye ubwoba n'inkoho.

Yaciye amenyeshwa ko ashobora gupfungwa iminsi 30 kubera ico, munyuma yemera gukora ukwo bikwiye.

Uwo munyamategeko, Munyaradzi Kereke, yaciye yagigwa munyuma aca arapfungwa.