Uburundi bwatsinze Sudani Yepfo mu majonjora y'igikombe ca Afrika

Abakinyi b'umugwi Intamba w'Uburundi bigina intsinzi
Image caption Abakinyi b'umugwi Intamba w'Uburundi bigina intsinzi

Umugwi nserukiragihugu w'u Burundi, Intamba, watsinze Sudani Yepfo ibitsindo 3-0 mu rukino rw'amajonjora y'igikombe ca Afrika.

Urwo rukino rwabereye ku kibuga c'umuganwa Louis Rwagasore "Stade du Prince Louis Rwagasore".

Ivyo bitsindo vyinjijwe n'abakinyi Cedrick Amissi ku munota wa 15, Gaƫl Duhayindavyi ku munota wa 18 hamwe na Fiston Abdul Razak ku wa 32.

Mu rukino rukurikira umugwi w'u Burundi uzoca uhura n'uwa Gabon itariki 27 z'ukwezi kwa gatatu mu 2018, mu gihe Sudani Yepfo izohura na Mali kuri uwo munsi nyene.

Mu zindi nkino zari zitegekanijwe uno munsi, RD Congo na Congo; Tanzania-Lesotho; Sierra Leone-Kenya.

Amavubi y'u Rwanda nayo akaba azotana mu mitwe na Repubulika Centrafricaine ku munsi wa Mungu uza.