Umuhungu wa Kadhafi, Saif yarekuwe agiriwe ikigongwe

Saif al-Islam Gaddafi (yafotowe mu 2011) yaciriwe igihano c'urupfu na sentare ya Tripoli mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Saif al-Islam Gaddafi (yafotowe mu 2011) yaciriwe igihano c'urupfu na sentare ya Tripoli mu 2015

Saif al-Islam Kadhafi, umuhungu wa kabiri w'uwahora arongoye igihugu ca Libiya Koloneli Mouammar Kadhafi, yoba yarekuwe agiriwe ikigongwe.

Uwo muhungu se yari yipfuje ko yomusubirira, yaramaze imyaka itandatu apfunzwe n'inyeshamba mu gisagara ca Zintan.

Umugwi w'abagwanyi wiyita "Abu Bakr al-Siddiq Battalion" wavuze ko yarekuwe ku munsi wa gatanu ariko ngo ntaraja ahabona.

Hari amakuru yashikiriye BBC ko yoba ari mu karere ka Tobruk mu buseruko bwa Libya.

Uwumwunganira mu rubanza, Khaled al-Zaidi, nawe nyene yemeje ko yarekuwe ariko ntiyavuga igisagara Saif al-Islam yoba yagiyemwo kubera imvo z'umutekano.

Umugwi "Abu Bakr al-Siddiq Battalion" wavuze ko wabikoze ubisabwe na leta y'imfatakibanza.

Iyo leta - iri mu buseruko bw'igihugu - iza yamaze kugirira ikigongwe Saif al-Islam.

Akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) ku vyaha bikoregwa zina muntu igihe se yagerageza gutuza abari bafashe ibigwanisho.