Amatora y'abashingamateka mu Bufaransa

Amatora y'abashingamateka mu Bufaransa akogwa incuro zibiri, aya kabiri akazoba ku munsi wa Mungu uza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora y'abashingamateka mu Bufaransa akogwa incuro zibiri, aya kabiri akazoba ku munsi wa Mungu uza

Inyuma y'ukwezi Emmanuel Macron atowe ka mukuru w'igihugu, abanyagihugu bo mu Bufaransa bari mu matora y'abashingamateka.

Bwana Macron -- yemeye guhindura vyinshi -- asaba abatora kumuha amajwi akwiye, ashigikira abakandida b'umugambwe wiwe mushasha, "La Republique en Marche".

Imigambwe igwanira intebe 577, zishobora kujamwo abagore benshi n'urwaruka rwinshi, nkuko ibinyamakuru vyo mu Bufaransa bivuga.

Amatora yo guperereza ku vyo abanyagihugu biyumvira (sondage d'opinion) yasohotse imbere yo ku munsi wa gatanu igihe iyamamaza ryarangira, yerekana ko umugambwe wa Macron n'iyo bacuditse hamwe baza kuja hejuru mu matora y'uno munsi, bakazorangiza amatora yo ku wa Mungu ukurikira batsinze ariko ku majwi ari ku rushi.

Umugambwe w'aba "Socialistes" ufise muri kino gihe intebe nyinshi mu nama nshingamateka ngo ushobora kuronka intebe 15 gusa.