Abashikiranganji ba G7 mu nama y'ihindagurika ry'ikirere

Amasezerano ya Paris asaba ibihugu vyayashizeko umukono kugabanya bimwe biboneka ivyuka vya "carbone" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amasezerano ya Paris asaba ibihugu vyayashizeko umukono kugabanya bimwe biboneka ivyuka vya "carbone"

Abashikiranganji bajejwe ibidukikije mu bihugu vyo mu muryango wa G7 bari mu biganiro mu gihugu c'Ubutaliyano ku bijanye n'amasezerano ya Paris inyuma yahpo Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarije ko zigiye kuyavamwo.

Abo bashikiranganji bakeneye guhabwa insiguro zirambuye ku vyo ubutegetsi bwa Trump butegekanya gukora muri kino gihe.

Amerika iserukigwa n'uwurongoye ikigo c'ibidukikije "Environmental Protection Agency", Scott Pruitt, umugabo adategera ingene umuntu yotora inyishu y'ikibazo c'ihindagurika ry'ikirere.

Ibisagara vyinshi vyo muri Amerika, intara hamwe n'amashirahamwe, bavuze ko naho igihugu cabo cova mu masezerano ya Paris, ko bazokurikiza ibisabwa mu kugerageza gutora umuti w'ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe.

Ku munsi wa gatandatu, Ubudagi hamwe n'intara nini kurusha izindi ya California, bemeye gukorana ku bibazo vy'ihindagurika ry'ikirere.