Amerika: Uwapfunzwe imyaka 17 yarekuwe habonetse uwo basa

Richard Anthony Jones (i buryo) yarekuwe kuberako abatohoza batoye uwo basa (i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu KANSAS CITY POLICE DEPARTMENT
Image caption Richard Anthony Jones (i buryo) yarekuwe kuberako abatohoza batoye uwo basa (i bubamfu)

Umunyamerika yapfunzwe imyaka 17 ku busuma atigeze akora yavuze ko yarekuwe abakora itohoza bazanye uwo basa.

Richard Anthony Jones aturuka mu ntara ya Kansas yapfunguwe inyuma yaho amasura avugiye ko adashobora gutandukanya abo bantu babiri.

Umucamanza yaciye avuga ko ata vyemezo bihari vyotuma aguma apfunzwe.

Bwana Jones yavuze ko kugira baronke ifoto y'uwo mugabo wundi - asa nawe, kandi bitiranwa izina rimwe - ngo kwari nko guhiga urushinge rwakorokeye mu bwatsi.

'Sinibaza ko nagize Imana, nemera ko nahezagiwe,' niko Bwana Jones yabwiye ikinyamakuru Kansas City Star.

Gushika ubu nta vyaha vyegetswe kuri uwo mugabo basa - azwi kw'izina rya Ricky - yatumye urubanza rwa Bwana Jones rufata iyindi ntumbero, yongera ahakana ko ata kimwagira.

Aho kuvuga ko Ricky ariwe yakoze ayo makosa, umucamanza yasanze yishimikije ivyemezo bishasha, ko ata mucamanza numwe yashashe muri urwo rubanza yo kwagiriza Bwana Jones.

Uwufise ububasha kw’isanamu KANSAS CITY POLICE DEPARTMENT
Image caption Bwana Jones (i buryo) yavuze ko gutora uwo muntu basa bisa n'ukurondera urushinge mu bwatsi

Bwana Jones yavuze ko yari yatanguye kwihebura ko atazorekugwa, inyuma yaho akatiwe igipfungo c'imyaka 19, amaze igihe asaba ngo yungururizwe urubanza akurikiranwamwo ko yivye mu 1999, akankigwa.

"Narasavye kenshi kwunguruza baranyankira. Vyari bikomeye," niko yavuze.

Mu 2015 niho yabwira abakora itohoza mu kigo gifasha abahowe ubusa "Midwest Innocence Project" ko hari umuntu yitwa Ricky yumvise bavuga.

Bwana Jones yabwiwe n'abo bapfunganywe ko asa n'uwitwa Ricky.

"Igihe mboneye ifoto y'uwo dusa naciye mbona ico nokora," niko yavuze.

Bwana Jones yakurikiranywe bishingiye ku babonye isura yiwe.