Ubwongereza bwegukanye igikombe c'isi ca U-20

Dominic Solanke w'Ubwongereza ariko aja hanze ahejeje gukomeretswa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Dominic Solanke w'Ubwongereza ariko aja hanze ahejeje gukomeretswa

Ubwongereza bwatsinze urukino rwa nyuma (Finale) mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru ry'abakinyi b'imyaka iri munsi ya 20 "Under-20" (U-20), bavanamwo Venezuela 1-0.

Ni ubwa mbere umugwi w'Ubwongereza uja mu rukino rwa nyuma mw'ihiganwa mpuzamakungu kuva mu 1966.

Igitsindo co mu gice ca mbere c'umukinyi w'imbere wa Everton, Dominic Calvert-Lewin, cakwiye kugira ngo Ubwongereza bwegukane intsinzi, inyuma yaho umunyezamu wa Newcastle Freddie Woodman akijije igitero ca penalite.

Inyuma y'urwo rukino, umukinyi w'imbere w'Ubwongereza Dominic Solanke agiye gukina muri Liverpool avuye muri Chelsea, yahawe umupira w'inzahabu "ballon d'or" uhabwa umukinyi wa mbere mw'ihiganwa.

Abaheruka gutwara uwo mupira ni umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba mu 2013, na Sergio Aguero wa Man City mu 2007.

Umunyezamu Woodman yahawe ama "gants" y'inzahabu "gants d'or", ahabwa umunyezamu wa mbere mwiza mw'ihiganwa.