Jeff Sessions yasabwe kwisigura mu bakenguzamateka ba Amerika

Jeff Sessions azokwisigura imbere y'umugwi wo mu nama nshingamateka ku munsi wa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jeff Sessions azokwisigura imbere y'umugwi wo mu nama nshingamateka ku munsi wa kabiri

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions yasabwe kwisigura mu mugwi w'inama nkenguzamateka inyuma y'ivyashikirijwe na James Comey.

Azoja imbere y'akagwi k'inama nshingamateka kajejwe iperereza ku munsi wa kabiri, niko yavuze mw'ikete.

Yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ivyo Bwana Comey aheruka gushikiriza.

Uwahora arongora igisata c'iperereza FBI, Bwana Comey yabwiye abamusambisha muri ino ndwi, ko yasavye Bwana Sessions "kumurinda kubonana amaso mu yandi na prezida".

Mw'ikete yanditse ku munsi wa gatandatu, Bwana Sessions yavuze ati, "Birakenewe ko mpabwa akaryo ko kuvuga kuri ivyo bibazo mu kibanza gikwiye" akibaza ko hoba imbere y'umugwi ujejwe iperereza w'inama nkenguzamateka.

Iyo nama izoba ku munsi wa kabiri, izoba irimwo n'icegera c'umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein, niko yavuze.

Bwana Sessions yikuye mw'itohoza rya FBI ku bijanye n'ingene Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika mu kwezi kwa gatatu, igihe vyibonekeje ko yagiranye umubonano n'uwuserukira Uburusiya mu matora aheze.