Ubushinwa: 70% vy'amahinguriro ntiyubahiriza amategeko ku bidukikije

Mu bisagara vyinshi vyo mu Bushinwa hari ikibazo co kuronka umwuka utyoroye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu bisagara vyinshi vyo mu Bushinwa hari ikibazo co kuronka umwuka utyoroye

Amahinguriro ngo atumura imyuka atarekuriwe, agakora ata burenganzira yaronse, canke ngo akabura ibikoresho vyo gupima ingene ivyotsi arekura bingana, niko itororokanirizo ry'amakuru Xinhua ryavuze.

Iryo tohoza ryakozwe ku bihumbi vy'amahinguriro n'amashirahamwe yo mu bisagara 28 mu karere ka Beijing-Tianjin-Hebei.

Mu gihugu c'Ubushinwa hasanzwe hari ikibazo c'umwuka mubi.

Ivyatowe vyaje kwemeza umwikeko wahahora, ko amashirahamwe menshi atubahiriza amategeko y'ibidukikije, kandi ko ubutegetsi ataco bukora ngo buyubahirize, niko abamenyeshamakuru bakorera mu Bushinwa bavuze.

Muri ayo matohoza basanze amashirahamwe arenga 13000 adakwije ibisabwa ku bijanye n'igisata c'ibidukikije, niko umushikiranganji ajejwe kubungabunga ibidukikije avuga mw'itangazo.

Ibice 70% vy'amashirahamwe ari mu micungararo ya Beijing, ngo ntiyubahiriza ayo mategeko, niko ikinyamakuru c'igihugu kivuga.