Irani yarungikiye ibifungurwa igihugu ca Qatar kiri mu bihano

Iduka rinini ry'ivyo mu nzu i Doha muri Qatar. Irani ivuga ko izoguma irungika ibidandazwa mu gihe birondegwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iduka rinini ry'ivyo mu nzu i Doha muri Qatar. Irani ivuga ko izoguma irungika ibidandazwa mu gihe birondegwa

Ubutegetsi bwa Irani bwarungikiye ibifungurwa igihugu ca Qatar cabuze iyo kibikura inyuma yaho gifatiwe ibihano n'ibihugu vyo mu karere.

Ibihugu birimwo ikitumvikana na Irani, Arabie Séoudite, vyarahagaritse imigenderanire na Qatar mu ndwi iheze, bicagiriza guha uburyo imigwi y'iterabwoba, ivyo ico gihugu kikaba carabihakanye.

Ico gihugu gisangiye urubibe na Arabie Séoudite hahora haca 40% vy'ibifungurwa, ubu rukaba rwugaye.

Hagataho, abahuza barimwo igihugu ca Koweit, bavuze ko Qatar yiteguriye kwumviriza iyo mwidogo y'ababanyi.

Umuvugizi w'ishirahamwe rya Irani ryo kwunguruza n'indege "Iran Air", Shahrokh Noushabadi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Agence France-Presse ku munsi wa Mungu : "gushika ubu indege 5 zitwaye ibifungurwa bigizwe n'ivyamwa n'imboga, zagiye mu gihugu ca Qatar, imwimwe itwaye amatoni 90, iyindi ikaba igenda uno munsi."

Ntibiramenyekana niba izo mfungurwa zarungitswe mu buryo bw'imfashanyo canke ko zagiye mu nzira y'ubudandaji.

Bwana Noushabadi avuga ko Irani izoguma irungika ivyo bifungurwa, mu gihe hari ababirondera".

Irani yuguruye n'ikirere cayo ku ndege zo muri Qatar, inyuma yaho Arabie Séoudite, Bahrain na Emirats Arabes Unis bugariye ibirere vyabo.