Kenya yafashe abantu, iburizsamwo igitero ca Al shabaab

Abarwanyi ba Al Shabaab bagerageje kenshi gutera muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba Al Shabaab bagerageje kenshi gutera muri Kenya

Abantu bafashe n'igipolisi ca Kenya bikekwa ko bari barungitswe n'abagaba babo bava mu karere ka Burhanche muri Somalia.

Ivyo bimenyeshwa n'umugenduzi mukuru w'igipolisi ca Kenya, Joseph Boinnet.

Abafashwe bariko barababwa z'igipolisi mu ntumbero yo kumenya neza aboba bari muri co gisenga c'ubukozi bw'ikibi.

Igipolisi cafasha kandi igirwanisho biturika, imyambaro ine y'abioyahuzi hamwe n'ibindi bikresho vyo gukoramwo ibisasu nk'ubumara bwa TNT.

Umugenduzi mukuru w'igipolisi avuga ko babiri mu bafashwe bari abanya Kenya nayo abandi ari abanya Simalia.