Papa yagabishije abapatiri bo muri Nigeria

Papa Francis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Papa Francis yahaye kugera kuwa 09/07/2017 abapatiri bo muri Ahiara , ngo babe banditse ikete ryo gusaba ikigongwe

Papa Francis yahaye umugwi w'abapatiri bo muri Nigeria iminsi itarenze 30 kugirango babe bamaze kurahira ko bamwemera kandi bemere n'umusenyeri yagenye muri diyoseze yabo.

Papa Francis yavuze ko azokwirukana abapatiri batazokwemera musenyeri Peter Ebere Okpaleke, umusenyeri amaze imyaka itanu yaragenywe kubayobora.

Abapatiri bo muri Nigeria banse kuyoboka musenyeri Peter Ebere Okpaleke bavuga ko ari uwo mu bwoko batifuza.

Abakirisu bo muri iyo diyoseze bari basavye Papa Francis ko yogena umusenyeri wo mu muryango w'aba Mbaise.

Ku bwabo ngo birasiga n'umutwe kubona batari bwaronke umusenyeri avuye muri uwo muryango yagenywe kuyobora diyoseze yabo.