Uhanganye na Putin yatawe muri yompi mu Burusiya

Imyiyerekano yabaye mu bice bitandukanye vy'Uburussiya Uwufise ububasha kw’isanamu SERGEI CHIRIKOV
Image caption Abajejwe umutekano bameze magabo imbere y'imiyirekano itemewe yahamagajwe na Alexei Navalny

Kizigenza mu batavuga rumwe na leta y'Uburusiya Alexei Navalny, yatawe muri yompi akiva muhira iwe ayo yari agiye kwifatanya n'igice kimwe c'abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ruswa yatunganijwe mu gihugu cose.

Abaharugwa mu bihumbi mu bashigikiye Alexei Navalny, batumbereye mu muji hagati wa Moscow aho kuja aho bari bumvikanye.

Umukuru w'inzego z'umutekano mu Burusiya yavuze ko ivyo ari agasomborotso.

Abenshi mu bagiye muri iyo myerekano bariri,ba ngo "Putin n'umusuma" kandi ngo " Uburusiya buzobohoka".

Abaharugwa mw'ijana bamaze guhagarikwa n'igipolisi kijejwe guhosha imigumuko.

Hari n'abandi batu bafashwe mu myiyerekano mu muji wa St Petersburg.

Bwana Navalny ateganya kwitoza nk'umukuru w'igihugu mu mwaka uza, bikaba vyitewe ko azohiganwa na bwana Putin n'ubwo we ataravuga ko azokwitoza.