Perezida Trump yarezwe gukoresha intebe yiwe mu bugwizatunga

Maryland na Washington DC zareze Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashikirizamanza barega Trump guca kubiri n' ibwirizwa nshingiro

Ama leta ya Maryland na Washingotn DC yatangiye ikirego perezida Donald Trump gifatiye ku mafaranga yoba yarahawe ibigo vyiwe vy'ubugwizatunga n'ama leta yo hanze.

Ibigo vy'ubugwizatunga vya perezida Donald Trump biregwa ibikogwa biteye kubiri n'ingingo zo kugwanya ruswa ziri mw'ibwirizwa nshingiro rya Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, umushikirizamanza mukuru wo muri leta ya Maryland Brian Frosh, ingorane zo guhuza amabanga yiwe n'ibikogwa vy'ubugwizatunga vy'umukuru w'igihugu zishobora kubangamira demokarasi muri Leta zunze Uumwe za Amerika.

Yagirije Trump ko akoresha itebe y'umukuru w'igihugu nk'igikoresho co kwikorera urudandazwa, akwegakwega amaserukira ibihugu vyabo muri Amerika nk' amakiriya muri hoteri ziwe, eka n'abandi bategetsi ashaka ko bakoresha ibibanza vyiwe arihisha

Kugeza ubu, ibiro vy' ingoro y'umukuru w'igihugu ntaco biravuga kuri ico kirego.