Icifuzo ca Trump co gukumira abinjira congeye gutsindwa.

Ingingo ya Trump yongeye kwimwa agaciro na sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Icifuzo ca Trump co gukumira cateye imyiyerekano mu gihugu

Ubutegetetsi bwa Perezida Donald Trump bwongeye gutsindwa ku cifuzo co gushaka gushiraho itegeko rikumira abaturuka muri bimwe mu bihugu bigwiriyemwo aba islamu kwinjira mu gihugu.

Sentare isubiramwo ya San Francisco yashigikiye muri rusangi ingingo yari yafashwe mu rwego rwa mbere rwa sentare, zari zatangiriye ingingo yo gusaba ko abaturuka mu bihugu bitandatu bigwiriyemwo aba islamu kwinjira muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Ariko sentare yari yavuze ko leta ifise uburenganzira bwo kugabanya ibitigiri vy'abinjira muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Trump yaheruka kurungika ubutumwa bwa Tweeter mu ntango z'uku kwezi avuga ko yifuza amategeko akaze kurusha ayo yashize muri ico cifuzo, kugirango igihugu ciwe kibone umutekano.