Asamoah Gyan ngo ntashimwa bikwiye

Asamoah Gyan yanditse amateka muri Black Stars Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Asamoah Gyan yanditse amateka muri Black Stars wa Ghana mu kwinjiza ibitego vyinshi

Asamoah Gyan, amaze kuba umikinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitego vyinshi muri kahise ka Ghana, aho yaraye yujuje ibitego 50 muri uwo mugwi nserukiragihugu.

Hari uwagize ati : "rimwe na rimwe hari abarindira gushima ivyo umuntu yakoze atakihari"

Aya yari amajambo yavuzwe kuri Wayne Rooney, igihe Michael Carrick yavuga mu ntango z'uyu mwaka ko akwiye guhabwa icubahiro kubera ivyo yakoreye Manchester United.

Ariko ngira yabivuze yiyumvira na Asamoah Gyan, ashobora gutangwako akarorero nk'umwe mu bakinyi bakora vyinshi bagashimigwa bike.

Uyu mugabo w'imyaka 31 ku munsi w'Imana yaraye yujuje ibitego 50 amaze kwinjiriza umugwi Black Stars.

Gyan yinjiye mu rugero rw'abandi bake bagizwe na Godfrey Chitalu yabaye integerwa mu bakinyi ba Zambia, umunya Misiri Hossam Hassan, Didier Drogba wo muri Cote d'Ivoire kimwe na Samuel Eto'o wo muri Cameroun.

Asanzwe kandi ari uwa mbere ku mugabane wa Afrika, amaze kwinjiza ibitego bitandatu mu gukinira igikombe c'isi.

Mu gutahura neza ikigereranyo c'intambwe agezeko, umukinyi yabaye rerungiranwa muri Ghana nyene, Abedi Pele Ayew, yakiniye igikomba ca Afrika incuro zitanu, yakukurutse afise ibitego 33 ku nkino 67 yagizemwo uruhara.

Ariko uyu we ku myaka 31, aracarimwo itoto, aracakina kandi ibitangaza akora vyinshi ntibishigwa ahagaragara.

Muri kino gihe Gyan akinira umugwi Al-Ahli Dubai FC, akaba yareretse abari bamufiseko amakenga igihe yahimukira ko bihenze igihe bibaza ko umwuga wiwe nk'umikinyi ugiye kurangira.

Ahubwo yakomeje gukorera ibitangaza uwo mugwi w'igihugu ciwe umaze gutahana igikome ca Afrika incuro zine, akaba akwiye icubahiro gisumba ico ahabwa kino gihe.

Niko bimeze kenshi ku bakinyi badahabwa manota abakwiye nka Asamoah Gyan, ko abantu batamenya ico bamaze, kugeza bagiye.