Abanyagihugu bariko barahiga abantu indwi baburiye mw'igorofa yabomotse muri Kenya

Abajejwe ibikorwa vyo gutabara inyuma y'aho iyo gorofa ibomokeye mu karere ka Nairobi itariki 13 ukwezi kwa 6 mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abazi iyo nyubakwa bavuga ko yari yaratse imigaga

Abantu indwi ni bo bataramenyekana irengero inyuma y'aho igorofa y'inzu indwi ibomokeye mu buseruko bw'igisagara ca Nairobi.

Umuryango utabara imbabare, Croix rouge, muri Kenya wanditse ku rubuga rwa twitt ko abajejwe gutabara bamaze gushika aho iyo nyubakwa yabomokeye i Kware, mu karere ka Embakasi.

Ikinyamakuru ca Star kivuga ko abantu barenga mirongo ibiri bakuwe muri iyo gorofa akanya gato imbere y'uko isenyuka.

Abayizi babwiye ico kinyamakuru ko vyagaragarak ko ishobora gusenyuka kuko yari ifise imigaga ku mpome.

Uwurongoye ibikorwa vyo gutabara, Pius Masai, yavuze ko abantu barenga 100 barokowe, ariko yongerako ko hoba hari abandi iyo gorofa yabomotse batarasohoka.

"Ibikorwa vyo gutabara biriko birabandanya," ni ko yavuze mw'itangazo, aca ahamagarira abantu bose bafise ibikoresho vyo gufasha gutabara ko bobizana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abariko baratabara bahamagarira abantu bose gufasha muri ico gikorwa
Uwufise ububasha kw’isanamu Kenya Red Cross
Image caption Abajejwe ibikorwa vyo gutabara bariko bararondera aboba bagihema