Abantu bane bakomerekejwe n'amasase ku gituro ca gariyamoshi i Munich

Igipolisi i Unterföhring station
Image caption Abapolisi benshi bari mu mabarabara yo mu micungararo y'igituro ca S-Bahn

Umupolisikazi w'umudagi yarashwe mu mutwe igihe umugabo umwe yapapura inkoho y'uwundi mupolisi ku gituro ca Gariyamoshi mu micungararo ya Munich.

Uwo mupfasoni w'imyka 26, yakomeretse cane kandi n'abandi bantu babiri bari bahagaze iruhande yiwe na bo nyene bakomerekeye muri ayo masase ya Unterfohring S-Bahn, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Igipolisi carashe kirakomeretsa gato uwo mugabo, ubu ari mw'ibohero.

Igipolisi kivuga ko atari igitero c'iterabwoba.

Hari ibikorwa bikomeye vy'igipolisi biriko birabera mu micungararo ya Unterfohring, kandi n'amagariyamoshi yabanje kuba arahagaritswe.

Igipolisi kivuga ko ata bindi bintu bigaragara ko bishobora kubangamira umutekano.

Abo bandi bantu babiri bari bahahagaze bakomeretse baciye bajanwa kwa muganga, mu gihe uwo mupolisikazi we aremvye cane.

Igipolisi kivuga ko uko kurasana kwadutse igihe baja gutabara ahari hadutse uruhagarara hagati y'abantu benshi ku gituro, umwe muri bo akaba yari afise imbugita.

Uwo mugabo yarashe nk'incuro zitanu. Yakometse bidakabije igihe abapolisi bamusubiza, ubu akaba ariko arabazwa.

Imboneshakure yo mu Budagi n-tv news yavuze ko ari umudagi w'imyaka 37 kandi aba Munich.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abapolisi bitwaje ibigwanisho bikomakomeye baciye bashika muri ico kibanza

Umuhora wa S-Bahn uca i Unterfohring n'umwe muyihambaye ija ku kibuga c'indege ca Munich.

Mu kwezi kwa gatanu mu 2016, umugabo umwe yarishe umuntu akomeretsa abandi batatu kw'ibarabara ry'indarayi rya Grafing hagufi ya Munich, mu nyuma bakaba basanze afise ingorane zo mu mutwe.