Uwahoze akinira umugwi wa Chicago Bulls yasubiye muri Korea ya ruguru

Dennis Rodman akikijwe n'abamenyeshamakuru ari mu nzira aja i Pyongyang Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dennis Rodman ariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru mu gisagara ca Beijing ari mu nzira aja muri Korea ya ruguru

Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Basketball muri Amerika Dennis Rodman yasubiye kugira urugendo muri Korea ya ruguru.

Uwo mukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaboko basketball muri Amerika, Dennis Rodman yagize urwo rugendo ku gatwe kiwe.

"Ndiko ngerageza gusa kwugurura umuryango," ni ko yabwiye abamenyeshamakuru ku kibuga c'indege ca Beijing ariko araja muri Korea ya ruguru.

Yaravuzwe cane mu binyamakuru inyuma yo kugiriranira ubucuti n'umukuru wa Korea ya ruguru, Kim Jong-un igihe yagira ingendo ziwe za mbere mu myaka ya 2013 na 2-14.

Rodman yavuze ko Kim ari umugenzi wiwe mpfampfe.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwavuze ko buzi urwo rugendo rwiwe.

"Tumwipfurije kuroranirwa, ariko twaragabishije abanyamerika tunabahanura kutaja muri Korea ya ruguru ku mvo z'umutekano wabo," ni ko icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu, Thomas Shannon yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP / Getty Images
Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un na Dennis Rodman bariko bararorera basketball mu 2013

Imigenderanire hagati ya Amerika na Korea ya ruguru yifashe nabi cane kuva prezida Donald Trump ashikiriye ubutegetsi, aho yavuzeko amatati ashobora kwongerekana hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Trump yavuze kandi ko yipfuza kubonana na prezida Kim mu gihe gishoboka.

Avugira ku kibuga c'indege, Rodman yavuze " Ndanezerewe no kuba Trump aryohewe no kuba jewe ndi ngaha ndiko ndagerageza gushika ku kintu twese dukeneye."

Rodman yarashigikiye Trump mu matora.

Uwo mukinyi wa kera wa Chicago Bulls, yarigeze guhanura prezida Barack Obama ngo ahamagare kuri telefone prezida Kim, avuga ko bose ari abakunzi b'umupira w'amaboko wa Basketball..

Izo ngendo ziwe zifatwa n'ibinyamakuru vyo muri amerika nko guhuza ibihugu biciye ku rukino rwa basketbal.