Christano Ronaldo yagirizwa kudatanga ikori

Christiano Ronaldo wa Real Madrid murukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Christiano Ronaldo wa Real Madrid murukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo

Abashikirizamanza ba Espagne bagirije umukinyi wa Real Madrid, Christiano Ronaldo kutariha amamiliyoni y'ama euro y'amakori.

Ibiro vy'umushikirizamanza i Madrid bivuga ko bigiye gukurikirana uwo mukinyi wo muri Portugal.

Yagirizwa kutariha amakori angana na miliyoni 14.7 z'ama euro kuva mu 2011 gushika mu 2014.

Uwo mukinyi ahembwa amahera menshi gusumba abandi bose mu nkino, yaheruka kuvuga ko ata mutima usimba kuvyerekeye ayo makori ngo kuko ata co afise anyegeza.

Ico gihe yavuze ko ako hari "hari amashirahamwe" anyegeza amahera yaronse avuye mu kugurisha amafoto yiwe.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, impapuro zo mw'ibanga zanyeguruwe zivuga ko Ronaldo yanse gutanga ikori y'amafaranga yinjiza anyegeje mu bindi bihugu.

Ivyo vyose arabihakana.

Igihe yabazwa kuri ivyo bivugwa, yabwiye umumenyeshamakuru w'imboneshakure yo muri Portugal RTP ati "Quien no debe no teme", bisigura ngo " Uwudafie ico nyegeje, nta bwoba agira."

Ronaldo ni muntu wa mbere ahembwa amahera menshi kw'isi mu banonotsi, ku mwaka ugira kabiri yikurikiranya, uravye ku rutonde rw'umwaka rwa Forbes rwerekeye ubutunzi.

Mu mwaka uheze, yinjije imiliyoni 93 z'amadolari avuye mu mishahara no mu tundi turusho.