Abantu benshi bapfuye bazize umuriro wadutse mu nyubakwa ndende i Londres

Umuriro wateye mu nyubakwa ya Grenfell Tower
Image caption Igisata co kugwanya umuriro mu gisagara ca Londres carungitse amakomyo 40 muri ico gikorwa

Abantu benshi bapfuye inyuma y'aho umuriro mwinshi wadukiye mu nyubakwa ndende muri iri joro ryakeye mu gisagara ca Londres.

Abajejwe kurwanya isanganya ry'umuriro baracagerageza kuzimya uwo muriro wadutse mu nyubakwa ya Grenfell Tower, aho abahegereye bavuga ko hariho abantu bahezeyo baguma basaba ko babatabara.

Abantu barenga 50 bariko baravurirwa mu bitaro.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko hari ubwoba ko iyo nyubakwa ishobora gusenyuka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uri kure urabona umwotsi

Uwo muriro wo muri iyo nyubakwa ya Grenfell watanguye nk'isaha 01:16 z'ijoro, amasaha yo mu Bwongereza.

Igisata kijejwe kuzimya umuriro aho wadutse carungitseyo amakamyo 40 yo kuzimya uwo muriro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igice kinini c'iyo gorofa cahiye

Umumenyeshamakuru wa BBC Andy Moore ari muri ako gace iryo sanganya ryabereyemwo yavuze ko iryo gorofa nini cane hari ubwoba ko rishobora gusenyuka.

Image caption Abajejwe kuzimwa umuriro 200 ni bo bahanganye n'urwo rubeya