Igitero c'iterabwoba cahitanye abagera kuri 20 mu gisagara ca Mogadishu, muri Somalia

Abajejwe umutekano na rusehabaniha ahabereye ico gitero i Mogadishu. Ifoto: 14 ukwezi kwa gatandatu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano muri Somalia bazungurutse ako karere

Igitero c'umwiyahuzi hakoreshejwe bombe n'inkoho mw'ihoteli hamwe n'uburiro mu gisagara ca Mogadishu muri Somalia, cahitanye abantu bagera kuri 20.

Ico gitero catanguye ku musi wa gatatu ku mugoroba, igihe aba islam bariko barafungura umusi w'amafungu y'ukwezi kweranda kw'iramazani.

Abagwanyi b'umugwi wa Al-Shabab bagize ingwati abantu barenga 20 mu gihe hariko haraba ukurasana.

Uwo mugwi ufitaniye ubucuti na al-Qaeda waremanze ko ari wo wagize ikindi gitero caheruka kuba ku musi wa kane uheze.

Ico gitero catanguye isaha zibiri z'ijoro igihe imodoka yari yuzuye ibintu biturika yinjira muri iyo hoteli nziza cane iri iruhande yinzu y'uburiro, ari na co kibanza conyene i Mogadishu kirimwo ikibanza co kwidagaduriramwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urubeya rwo kuri iyo hoteli yatewe rwaboneka uri kure

Mu nyuma abantu bitwaje inkoho baciye binjira mu nzu y'uburiro ihegereye baca bagira ingwati abantu bahari.

Abahaba bavuga ko bumvise urwamo rw'amasase ijoro ryose.

Kandi hari inkuru zitaremezwa ko abateye bari bambaye impuzu z'igipolisi.

Abasirikare ba Amisom batujije abo bagwanyi ba al-Shabab mu gisagara ca Mogadishu mu 2011, ariko igice kinini c'igihugu kiri mu minwe y'abo bagwanyi.

Image caption Somalia