Mu Bushinwa, abahinga bashaka kurima ibiraya ku kwezi

Ibiraya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibiraya bizorimwa ku kwezi bishobora kuzoba indya z'abantu bazogenda kuba ku kwezi.

Abahinga bo mu gihugu c'Ubushinwa bagiye kugerageza kurima ibirayi ku kwezi mu rugendo bategekanya kugira ubu vuba ku kwezi.

Inkuru zitangazwa n'ikinyamakuru Chongqing Morning Post,ivyo birayi bizorimwa ahantu hacungerewe.

Ako kazoba ari akazi k'abazoja mu kirere bifashishije ikigendajuru ca Chang'e-4 mu mwaka uza.

Abo bantu bazoba bari mu kigendajuru kimwe nk'uko bivugwa na porofeseri Xie Gengxin wa kaminuza ya Chongqing yabwiye ico kinyamakuru.

Ico bagamije n'ukuraba ko ivyo birayi bishobora ku kwezi.

Ico bipfuza, n'ukuronka inkuru zishemeye ko abantu bashobora kwimukira ku kwezi no kuhaba, nk'uko vyavuzwe n'iradiyo ya China Radio International.

Ibirayi vyarakoreshejwe muri film ya The Martian mu mwaka wa 2015, yerekana ingene uwugendesha ikigendajuru yaheze kuri Mars agashobora kubaho arima ibirayi.

Matt Damon yiganye uwo yagendesha ikigendajurumuri iyo film yakurikije igitabu canditswe na Andy Weir.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP