Hatowe ibisigarira vy'igisagara ca kera muri Ethiopia

Ibisigarira vy'ico gisagara Uwufise ububasha kw’isanamu Prof Tim Insoll, Chuo Kikuu cha Exeter

Abahinga mu vyo akahise batoye ibisigarira vy'igisagara ca kera cari caribagiwe mu burengero bwa Ethiopia.

Abahinga mu gupima ibiranga akahise bavuga ko ico gisagara coba cariho kuva mu kinjana ca 10 kikaba caberamwo ubudandaji bukomeye muri ako karere.

Itorwa ry'ibisigarira vy'ico gisagara ca Harlaa kwanyeguruwe n'ibintu bihari, ibintu n'ibikoresho biva ahantu hatandukanye nko mu Misri, Ubuhinde n'Ubushinwa.

Mu bintu vyatowe aho hantu hamwo umusigiti bivugwa ko wubatswe mu kinjana ca 12, hamwe n'imva z'abantu zakoreshwa n'aba islam bahora baba muri ako karere.

Uworongoye abo bahinga yavuze ko uko uwo musigiti umeze, usa cane n'iyi yatowe mu bumanuko bwa Tanzania, no mu karere ka Somaliland, kandi ko ariko ikimenyetso ko hariho imigenderanire hagati y'aba islam baba ku mugabane wa Afrika.

Abo bahinga kandi batoye amafaranga n'imijumpu vyo mu kinjana ca 13 vyo mu gihugu ca Misri, hamwe no mu gihugu ca Madagascar, Maldives,Yemen n'Ubushinwa.

Abarimyi bo muri ako karere bahora bahatora ibintu bitangaje, harimwo amahera y'Ubushinwa muri iyo mirima, bikaba vyatumye abantu bibaza ko aho hantu hahoze igisagara.

Abo bahinga b'akahise, bavuga ko bataronse ibimenyetso

Uwufise ububasha kw’isanamu Prof Tim Insoll, Chuo Kikuu cha Exeter
Image caption Hatowe ibintu n'ibisharizo vyo mu turere twa kure

Bazokwimba kure cane banarondere muri ico kibanza mu kiringo c'umwaka.

Bazogira ubushakashatsi kandi ku bisigarira vy'abantu 300 bahambwe muri iryo tongo ry'abapfu kugira bamenye ico abo bantu barya bakiri bazima.

Ibintu vyazuwe muri ako karere bizoshirwa mw'iratiro ry'ibintu vya kera ry'igihugu mu gisagara ca Addis Abeba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Prof Tim Insoll, Chuo Kikuu cha Exeter
Image caption Hatowe kandi n'inkono