Imyiyerekano inyuma y'umuriro watongoye igorofa ya Grenfell

Bmawe bagiye Westeminster abandi kuri BBC NBH Uwufise ububasha kw’isanamu NONE
Image caption Imyiyerekano yahereye ku kibanza c'inama nshingamteka

Mu muji wa Londres abantu bihereje amabarabara berekeza ku ngoro y'inama nshingamateka kubera agashavu batewe n'uburyo ikibazo c'igorofa yahiye mw'ijoro ryo kuwa kabiri cafashwe.

Igice kimwe c'abakoze imyiyerekano cerekeje i Westminster ku ngoro y'inama nshingamteka, ikindi gica imbere y'ibiro vya BBC hagati na hagati mu muji wa Londres.

Umushikiranganji wa mbere Theresa May yazomerewe igihe yasubira kuri iyo nyubakwa yahiye, inyuma yo kunegugwa kandi igihe yahagendera ejo akahava atavugishije abanyagihugu.

Yatangaje ko hashizweho ikigega ca miliyoni zitandatu z'ama dolari co kuronderera abahuye n'ivyo vyago vy'umuriro ibifungugwa, impuzu n'ibindi vya nkenegwa.

Igitigiri c'abamaze kumenyekana ko bahitanywe n'uwo muriro kigeze kuri mirongo itatu, ariko hari abataramenyekana irengero kugez'ubu.