Ubwongereza na UE mu biganiro vyo gutandukana

Uwuhagarariye ibiganiro ku ruhande rwa UE Michel Barnier (i bubamfu) hamwe n'uwugarariye Ubwongereza muri Brexit, David Davis Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwuhagarariye ibiganiro ku ruhande rwa UE Michel Barnier (i bubamfu) hamwe n'uwugarariye Ubwongereza muri Brexit, David Davis

Ibiganiro bigiye gutuma igihugu c'Ubwongereza kiva mu muryango w'ibihugu vya Buraya, Brexit, vyatanguye uno munsi mu gisagara ca Buruseli mu Bubiligi.

Ubutegetsi bw'i Londres buvuga ko bwipfuza amasezerano azovugwa mu mateka, ashobora gutuma imigwi yose iyarangiza ikomeye kurusha kandi iyaronsemwo akarusho -- ariko ibihugu bisigaye mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya (UE) vyagabishije Ubwongereza, ko ni bwaba buwuvuyemwo ko butazofatwa nk'ibindi bihugu vyo mu muryango.

Ibiganiro vy'intango bitegekanijwe hagati y'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe Brexit, David Davis, hamwe n'uwuserukira Uburaya mu biganiro, Michel Barnier, bikazoshimikira ku burenganzira bw'abakozi b'abanyamahanga, ibibazo bijanye n'umupaka wa Irlande yo mu buraruko, no kuvugana ku vyo Ubwongereza butegerezwa kwishura UE.

Ivyo biganiro bitanguye haheze umwaka Ubwongereza bwemeje mu matora kamarampaka gutandukana na UE, bigategekanya kurangira mu kwezi kwa gatatu mu 2019.