Prezida Macron yaronse intebe zo kwivugira mu nama nshingamateka

Emmanuel Macron yagiye gutorera ahitwa Le Touquet Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Emmanuel Macron yagiye gutorera ahitwa Le Touquet

Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yatsindiye intebe nyinshi zigiye gutuma umugambwe wiwe wivugira mu nama nshingamateka, inyuma yaho atorewe kurongora igihugu.

Mu gihe amajwi yose asa n'ayamaze guharugwa, umugambwe wiwe La République en Marche hamwe n'abamushigikiye baronse intebe 300 ku ma 577 zitegekanijwe mu nama nshingamateka.

Yatsinze ku majwi make uravye ukwo abantu bari bavyiteze, mu gihe abitavye amatora bari munsi y'abatoye mu 2012.

Umugambwe wiwe umaze umwaka umwe ushinzwe, igice c'abantu biwe bakaba bafise ubuzobere buke muri politike, abandi ntibagire namba.

Ivyavuye mu matora vyatumye imigambwe mikuru mikuru ica ija ku ruhande, biha umukuru w'igihugu w'imyaka 39 inguvu mu nama nshingamateka zizotuma abandanya umugambi wiwe wo kunagura umuryango w'ibihugu vya Buraya.

Abitavye amatora ya kabiri boba bari 42%, bakaba bake ku bari bayitavye mu myaka itanu iheze.

Abamenyeshamakuru bavuga ko abagwanya Macron batiriwe bitaba ayo matora.

Umushikiranganji wa mbere Edouard Philippe, yemeye ko yitabwe n'abantu bake, ariko avuga ko umugambwe wiwe uzokwitaho abafaransa bose.